Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 6:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 6:14
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute?


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.


Nuko rero ntihakagire uwirata ko ari umwigishwa w’umuntu n’umwe, kuko vyose ari ivyanyu:


Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo mbuze icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.


Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.


Ariko nimba turondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi biciye mu kwizera Kristo, maze tukagaragara nk’abanyavyaha kuko twahevye ivyagezwe; mbega bisigura ko Kristo abaye umukozi w’icaha? Haba na mba!


Kuko ngerageje gukurikiza ivyagezwe, birantsindisha. None rero, ku bijanye n’ivyagezwe, narapfuye, kugira ngo mbeho nkorera Imana. Nabambanywe na Kristo,


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ko mwapfanye na Kristo ku vya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ni kuki, nk’aho mukiganzwa na yo, mucumvira amategeko yayo avuga ngo:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ