Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 6:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Abagomba bose kwiha igikundiro ku vy’ umubiri ni bo babagōbēra gukebga; nta yindi nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahōrwa umusaraba wa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 6:12
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye.


Namwe ni uko, inyuma mugaragara mugororotse, ariko imbere mu mitima mwuzuye uburyarya n’ikibi.


Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”


Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?


Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.


Mbere n’abakebwe ntibashobora gukurikiza neza ivyagezwe vyose, ariko bagomba ko mukebwa kugira ngo bishimire ugukebwa kwanyu mu mibiri yabo.


Ni ivy’ukuri ko bamwe bavuga ivya Kristo babitewe n’ishari n’umutima w’impari, ariko hariho n’abavuga ivya Kristo bafise intumbero nziza.


Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.


Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.


Ayo mategeko mu vy’ukuri aboneka nk’aho womenga arimwo ubwenge, kuko asaba abantu gusenga uko bibwirije, no kwiyanka hamwe no kubabaza umubiri. Ariko nta bushobozi na butoya afise bwo kunesha ivyipfuzo vy’umubiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ