Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 6:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 6:1
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.


Ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Maze umwigeme yakora ngaho, aramwegera avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu w’i Galilaya.”


Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.


Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”


Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.


Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.


Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.


Nuko rero uwibaza ko ahagaze, yiyubare ntagwe.


Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.


Abantu bafise Impwemu basesangura vyose ariko bobo nta wubaserangura,


Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.


Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?


Ntihakagire uwiyima uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mukwiye gusubira kwegerana kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukubura ukwihangana kwanyu.


Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.


Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.


Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.


ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.


Bene Data nkunda, ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Ntimuze mubafate nk’abansi banyu, ariko mubaburire nk’abavukanyi.


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


Niwabona mwene Data wundi akoze icaha kitari ico kumwicisha, uze umusengere, Imana na yo izoha uwo muntu ubugingo. Ibi ndabivuze ku muntu yakoze icaha kiticisha. Ariko hariho icaha cicisha; simvuze ngo musengere umuntu yakoze icaha nk’ico.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ