26 Twoye kwikakisha, twirinde kwandurutsanya no kugiriranira ishari.
26 Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.
Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose.
None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.
Ariko nimba mwama mufise ivyo mupfa, mukama muryana, mwirinde ntimumarane.
Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,
Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi.
Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”