Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:22
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.


Nicama bizoba ari vyiza, nikitama na ho uzoheza ugiteme.’ ”


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!


Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera.


Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya.


Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”


Ariko bene Data, ndabinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo no mu rukundo rwa Mpwemu Yera ngo mumfashe kugwana intambara mu masengesho.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.


Abarongorwa na kamere kabo k’icaha bashira imitima ku vyipfuzo vy’umubiri, ariko abarongorwa na Mpwemu Yera, bashira imitima ku vyo Mpwemu agomba.


None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.


ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato;


(kuko icamwa c’umuco ni ineza y’uburyo bwose, ukugororoka n’ukuri),


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Mudusengere kandi kugira ngo Imana idukize abanyakibi, kuko bose si abizera.


Abagore babo na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ