Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:21
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.


Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.


Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.


Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.


Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,


Kuko ivyo bizotuma uburake bw’Imana buza.


Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro.


Mbega ntimwibuka ko nkiri kumwe namwe ibi nahora ndabibabwira?


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ