Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Gusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, amatati, ishari, uburake, ukwikunda, ukwicamwo ibice, kwitandukanya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:20
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.


Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.


Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Ariko nimba mwama mufise ivyo mupfa, mukama muryana, mwirinde ntimumarane.


Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.


Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.


Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Umuntu wese yanka mwene Data wundi ni umwicanyi, kandi murazi ko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira muri we.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ