Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:13
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”


Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.


N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.


None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?


Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.


Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.


Kuko iyo tuvuga ubutumwa, ntitwivuga twebwe nyene. Ariko twigisha ko Yesu ari Umwami, natwe tukaba abakozi banyu ku bwa Kristo.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


Handitswe ko Aburahamu yari afise abahungu babiri, umwe ku mugore w’umuguranokazi, uwundi ku mugore yidegemvya.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.”


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.


Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.


Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ