12 Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo.
12 Icompa ababavurunga bakīkona rwose.
Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.
Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.
Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.
Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”
Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”
Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.
Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.
Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.