Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko jewe, bene Data, namba nkibarira abantu gukebga, n’iki gituma ngihamwa? Igitsitaza c’umusaraba kiba carahindutse ubusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:11
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yari ariko, araheza abanza kumukeba ku gitsina gabo kubera Abayuda bo muri ako karere, kuko bose bari bazi ko se yari Umugiriki.


Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka.


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Kandi ni kubera iki natwe twishira mu ntambara umwanya wose?


Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Ico gihe uwavutse kubera gushaka kw’umubiri yarahamye uwavutse mu bubasha bwa Mpwemu. N’ubu ni ko bimeze.


Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ