Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ndabizigiye kubg’ Umwami wacu yuko mutazogira uwundi mutima; arik’ ūbahagarika imitima, uw’ ari we wese, urubanza ruzomusubirako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 5:10
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


maze uwo muntu muze mumuhe Satani kugira ngo akamere k’icaha kiwe karanduke, ariko impwemu yiwe izorokoke ku musi w’Umwami Imana.


Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera kugira ngo mugirirwe ubuntu kabiri.


Mbaye ndabinginga hakiri kare kugira ngo ninaza sinzorinde kubakarira nk’uko nzokarira abibaza ko dukurikira inyungu z’abantu.


Kandi nimwashika ku kwubaha kwose, tuzohana abo bose bazoba bakiri mu bikorwa vy’ubugarariji.


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.


Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.


Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.


Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.


Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.


kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Ndatinya ko kumbure ivyo nakoze vyose muri mwebwe vyapfuye ubusa.


Abo bigisha b’ibinyoma babafitiye ishaka ryinshi, ariko intumbero yabo si nziza na mba. Ico bashaka ni ukubadukurako kugira ngo abe ari bo mukurikira.


ese iyo mba nari kumwe namwe ngashobora kworosha ijwi ryanje, kuko ivyanyu ndabuze n’ingene ndabifata!


Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo.


Mwariko mugenda neza mu rugendo rwanyu. None ni nde yabatangiriye akababuza kwumvira ukuri?


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.


Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura.


Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutavuga ibibi ku Mana.


Ndakwandikiye nizeye ko uzokora ivyo ndagusavye, ndetse n’ibirengeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ