Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:6
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aravuga ati: “Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, yamara bibe uko wewe ushaka.”


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”


Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti: ‘Data, izina ryawe niryubahwe, Ubwami bwawe nibuze.


Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.


Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.


Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.


Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo.


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ