Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:4
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).


Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho ivyagezwe vya Mose n’Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa.


ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”


Raba ugiye gusama inda, maze uvyare umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.


None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe n’imisi kuko Data ari we yabishizeho mu bubasha bwiwe.


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.


Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.


ahindura ubusa icanditswe catwagiriza kandi cadutsindisha; agikuraho, akibamba ku musaraba.


Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ