Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 No kuri twebwe ni uko vyari bimeze Kristo ataraza. Twari tumeze nk’abana bakiri bato; twari abagurano b’ubushobozi bw’impwemu butegeka iyi si.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Natwe n’uko: tukir’ abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.


Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.


None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.


Aba musi y’uburongozi bw’abarezi biwe n’abandi bizigirwa, gushika ku myaka se yagenye.


Ivyo twobifatirako ikigereranyo: abo bagore babiri bagereranywa n’amasezerano abiri. Isezerano rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivamwo abana bavukira kuba abagurano: Uwo ni Hagari.


Hagari agereranywa n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, akagereranywa kandi n’igisagara ca Yerusalemu kuko ari mu bugurano bw’ivyagezwe, hamwe n’abana biwe.


None rero bene Data, ntituri abana b’umuguranokazi, turi abana b’uwidegemvya!


Kera, mutaramenya Imana, mwari mujakariye ibigirwamana.


Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?


Ko mwapfanye na Kristo ku vya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ni kuki, nk’aho mukiganzwa na yo, mucumvira amategeko yayo avuga ngo:


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.


Yesu ntiyabaye umuherezi habanje gukurikizwa ibisabwa bifatiye ku mamuko yiwe nk’umuntu, ariko yabaye umuherezi hakurikijwe ubushobozi bw’ubugingo budashobora gushira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ