Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:26
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.


Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.


Ubu mwarabohowe ntimukiri abagurano b’icaha, ahubwo mwahindutse abagurano bo kugororoka.


Handitswe ko Aburahamu yari afise abahungu babiri, umwe ku mugore w’umuguranokazi, uwundi ku mugore yidegemvya.


Hagari agereranywa n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, akagereranywa kandi n’igisagara ca Yerusalemu kuko ari mu bugurano bw’ivyagezwe, hamwe n’abana biwe.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.


Maze haboneka ikimenyetso gihambaye mw’ijuru, c’umugore yambaye izuba, ukwezi kuri musi y’ibirenge vyiwe, afise n’urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri ku mutwe.


Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe: babiloni hahambaye nyina w’abamaraya bose n’ibihumanya vyo kw’isi.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ