Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abo bigisha b’ibinyoma babafitiye ishaka ryinshi, ariko intumbero yabo si nziza na mba. Ico bashaka ni ukubadukurako kugira ngo abe ari bo mukurikira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bgiza; arikw ico bagomba n’ukubazigira hanze, kugira ngo namwe mubagirire ishaka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:17
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.


Bamwe muri mwebwe batewe n’ubwibone bibaza ko ntazoza kubagendera.


Mwibaza ko mukwije vyose! Mwibaza ko mumaze gutunga! Muramaze no kuba abami tutari kumwe! Icompa mukaba abami vy’ukuri kugira ngo tuganzanye namwe.


Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.


Mbega none ubu nahindutse umwansi wanyu kubera ndababwira ukuri?


Kugira ishaka ryo kubakorera ivyiza, ni vyiza mu gihe intumbero ari nziza, ariko baze bame bameze gutyo ntibabikore gusa mu gihe ndi kumwe namwe honyene.


Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ