Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 None kwa kwishima kwanyu kuri hehe? Nd’ icabona canyu yukw iyo biba vyarashobotse, muba mwaremeye kwinogora amaso, mukayampa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:15
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene.


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe.


Mbega none ubu nahindutse umwansi wanyu kubera ndababwira ukuri?


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,


Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


Mububahe n’imitima yanyu yose mu rukundo ku bw’igikorwa cabo. Mubane amahoro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ