Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 4:14
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.


Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”


Imana yahisemwo ibitagira ikimazi vy’iyi si n’ibikengerwa ndetse n’ibitariho kugira ngo ihindure ubusa ibiriho.


Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.


None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Nk’uko mubizi icatumye ndababwira Ubutumwa Bwiza ubwa mbere ni uko nari ndwaye mu mubiri.


None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa.


Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ