Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw Imana izotsindanishiriza abanyamahanga kubg’ ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa bgiza bg’ibitaraba, biti Muri wewe ni ho amahanga yose azohērwa umugisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:8
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ahandi Ivyanditswe bivuga ngo: “Bazobona uwo bacumise.”


Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga.”


Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”


kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’


Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko Abanyamahanga batigeze barondera ukugororoka, bakuronse baguhawe n’ukwizera.


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Ariko Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo: “Irukana urya muguranokazi, kuko umuhungu wiwe atazosangira iragi n’umwana w’umugore yidegemvya.”


Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ