Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ībaha Mpwemu, igakorera ibitangaza muri mwebge, mbeg’ ibikoreshwa n’uko mukora ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’uko mwumvise mukizera?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha gusesangura impwemu, abandi abaha kuvuga mu ndimi, abandi na bo abaha kuzisigura.


Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.


Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.


ko muriko murasaba ivyemeza ko Kristo avugira muri jewe. Ntananiwe no kubakiza, kuko akorana inkomezi muri mwebwe.


mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje?


None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.


Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?


Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ