Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:29
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.


Nimurabire ku biboneka. Abavuga ko ari aba Kristo bategerezwa kumenya ko natwe turi aba Kristo co kimwe na bo.


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Kuko nimba ugutorana kuva ku vyagezwe, ntikuba kukiva kw’isezerano. Ariko Imana mu buntu bwayo, yahaye Aburahamu ugutorana, ibimuhereye mw’isezerano.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Mutahure rero neza ko abana ba Aburahamu ari abo bizera Imana.


Ico ngomvye kuvuga ni uko iyo samuragwa akiri umwana, nta ho aba atandukaniye n’umugurano, naho ivya se vyose biba ari ivyiwe.


Nuko rero ntimukiri abagurano, ariko muri abana b’Imana bwite. Kandi ko muri abana b’Imana bwite, Imana yabagize abaragwa.


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Amahoro n’imbabazi bibane n’abagendera iyo ngingo, kandi bibe no kuri Isirayeli y’Imana.


Iryo banga ni iri: Abanyamahanga co kimwe n’Abisirayeli, bose iyo bizeye Ubutumwa Bwiza, basangira umugabane w’abana b’Imana. Bose bagize umubiri umwe, kandi basangiye n’isezerano ry’imihezagiro Imana yasezeranye muri Kristo Yesu.


kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


naho yari yaramwibwiriye iti: “Uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka.”


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


Imana na yo yakoresheje indahiro, kugira ngo abahawe isezerano bamenye badakekeranya ko idashobora guhindura ico yavuze.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ