25 None rero ko ukwizera kwabonetse, ntitukirezwe n’ivyagezwe.
25 Arik’ ukwizera ko kwaje, ntitukirerwa n’umurezi.
Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.
Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.
Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.
Ni ukuvuga ko, ivyagezwe vyari nk’umurezi aturera gushika Kristo aje kugira ngo twemerwe n’Imana nk’abagororotsi tubihawe no kwizera.