Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Iki conyene ni co ngomba ko mumbgira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n’ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’ukwumva gufatanije n’ukwizera?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Bashitseyo, baca barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera,


Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


Ku banyamahanga batagira ivyagezwe nabayeho nk’uwutabigira n’aho nganzwa n’ivyagezwe vy’Imana, nkubaha ivyagezwe vya Kristo, kugira ngo nzane abatagira ivyagezwe kuri Kristo.


Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Mbega mwakabaye muri ibijuju gutyo? Mwahereye mu vy’Impwemu none ubu muriko mugerageza kuba abagororotse rwose mukoresheje ivy’umubiri?


Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.


Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.


Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ