Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:19
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe vy’Imana mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”


Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.


Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,


Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ