Galatiya 3:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe19 None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)19 Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |