Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Kuko nimba ugutorana kuva ku vyagezwe, ntikuba kukiva kw’isezerano. Ariko Imana mu buntu bwayo, yahaye Aburahamu ugutorana, ibimuhereye mw’isezerano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kukw iy’ umwandu uzanwa n’ivyagezwe, woba utazanywe n’isezerano: arikw Imana yawuhaye Aburahamu, iwumusezeraniye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:18
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”


Ivyagezwe ntibihagaze ku kwizera, ariko bivuga biti: “Uwuzokora ivyo ivyagezwe vyose bibwiriza azobeshwaho na vyo.”


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ