Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Arikw ico mvuze n’iki: isezerano ryabanje gushingwa n’Imana, ivyagezwe vyaje hashize imyaka amajana ane na mirongwitatu, ntivyorikūraho ngo bihindure ubusa iryo sezerano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:17
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Imana yamubwiye iti: ‘Uruvyaro rwawe ruzoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo, kandi bazogirwa abagurano, bacinyizwe imyaka amajana ane.’


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana?


Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”


Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.


Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni “Egome” muri Kristo Yesu. Kandi muri we “Amen” tuvuga bisigura ngo “Egome” iraduga igahesha Imana icubahiro,


Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.


Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Ndababwiye ivyo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe abahendesha akarimi gasosa.


Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.


Ivyasabwa kera ku bijanye n’ubuherezi vyarakuweho kuko vyari bifise intege nke kandi nta co vyari bimaze


Imana yari yaramutoranije imbere y’uko isi iremwa, ariko yamuhishuye ubu muri ino misi ya nyuma ku bwanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ