Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze, it’ Imvyaro; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uruvyaro rwawe; ni rwo Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:16
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:


Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose, nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza.”


Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’


ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.


Mu vy’ukuri, Imana ntiyahaye Aburahamu n’abazomukomokako bose isezerano ryo kuragwa isi kubera kwumvira ivyagezwe, ahubwo yarimuhaye kubera yayizeye, maze na yo ica imwemera nk’umugororotsi mu maso yayo.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.


Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we.


None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.


Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.”


Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.


Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ