Galatiya 3:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe15 Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)15 Bene Data, ibi ndabivuga nk’imvugo y’abantu. Isezerano, naho ryoba iry’ umuntu gusa, iyo rishinzwe nta muntu arikūraho cank’ aryongerako. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.