Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 3:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Bene Data, ibi ndabivuga nk’imvugo y’abantu. Isezerano, naho ryoba iry’ umuntu gusa, iyo rishinzwe nta muntu arikūraho cank’ aryongerako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 3:15
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.


Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)


Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.


Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga: “Reka twirire twongere twinywere, kuko ejo tuzopfa.”


Bene Data nkunda, ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.


Igihe Imana yaha isezerano Aburahamu, yarahiye mw’izina ryayo kuko ata rindi zina ry’uwundi muntu ayiruta yari kurahiramwo.


Iyo abantu barahira, babikora mw’izina ry’umuntu abaruta, kandi iyo ndahiro iza ihagarika impari zose.


Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ