Galatiya 3:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe11 Biraboneka rero ko ata muntu n’umwe ashobora kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera kwubahiriza ivyagezwe, kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)11 Biraseruka yukw ata muntu atsindanishirizwa n’ivyagezwe imbere y’Imana, kuko handitswe ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.