Galatiya 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe9 Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |