Galatiya 2:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe21 Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)21 Simpindura ubusa ubuntu bg’Imana, kukw asangw’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.