Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 2:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Simpindura ubusa ubuntu bg’Imana, kukw asangw’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 2:21
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yongera arababwira ati: “Mwagize ishaka ryo kutubahiriza amabwirizwa y’Imana kugira ngo mwubahirize imigenzo yanyu!


Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.


Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.


Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.


Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?


Kandi nimba Kristo atazutse, inyigisho zacu ni iz’ubusa, kandi n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa.


Nimba na ho Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa, muracagendera mu vyaha vyanyu.


Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza mwumiye ku majambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Ahubwo noba mbaye umunyavyaha, hamwe nosubira kwubaka ivyo nasambuye.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ