Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 2:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 2:20
65 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.


Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.


Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


Erega nta muntu n’umwe muri twebwe abaho canke apfa ku bwiwe.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.


Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.


Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.


Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobanaho na we.


Ariko nimba Kristo aba muri mwebwe, naho imibiri yanyu izopfa kubera icaha, Mpwemu ni we abaha ubugingo kuko mwemewe n’Imana nk’abagororotsi.


Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.


Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.


Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.


ko muriko murasaba ivyemeza ko Kristo avugira muri jewe. Ntananiwe no kubakiza, kuko akorana inkomezi muri mwebwe.


Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.


Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.


Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.


Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.


Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Biraboneka rero ko ata muntu n’umwe ashobora kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera kwubahiriza ivyagezwe, kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura


Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.


Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ