Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 2:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko nimba turondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi biciye mu kwizera Kristo, maze tukagaragara nk’abanyavyaha kuko twahevye ivyagezwe; mbega bisigura ko Kristo abaye umukozi w’icaha? Haba na mba!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko namba twabonetse ko tur’ abanyavyaha, hamwe twarondera gutsindanishirizwa no kuba muri Kristo, mbega Kristo n’umukozi agabura icaha? Eka na mba!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 2:17
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”


Ntibishoboka ko Imana irenganya! Kuko nimba Imana itagororotse, yoshobora ite gucira imanza isi yose?


Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha.


Twebwe twavutse turi Abayuda, ntituri Abanyamahanga b’abanyavyaha.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.


Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ