Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko mbonye badaca mu nzira igororotse, nk’uk’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose, nti Ko wewe witondera ingeso z’abanyamahanga, zitar’ iz’ Abayuda, kand’ ur’ Umuyuda, ugōbēra ute abanyamahanga kuba nk’Abayuda?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 2:14
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”


Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.


Hanyuma, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.


Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,


Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Ntitwigeze tubibemerera n’akanya isase, kugira ngo ukuri kw’Ubutumwa Bwiza kuzigamwe ku bwanyu.


Ahubwo, batahuye ko nahawe igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza mu batakebwe, nk’uko Petero na we yahawe ico gikorwa mu bakebwe.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.


Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


Ariko nihagira uwuguma mu vyaha, uzomwihanikirize mw’ishengero ry’abantu kugira ngo abandi na bo babone gutinya.


Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ