Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 2:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi n’abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n’ubgo buhumvyi bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 2:13
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Namwe ni uko, inyuma mugaragara mugororotse, ariko imbere mu mitima mwuzuye uburyarya n’ikibi.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga.


Ntihagire uwubazimiza: “Abagenzi babi bonona ingeso z’umuntu.”


Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?


Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.


Hanyuma, haciye imyaka cumi n’ine, naciye nsubira ndaduga i Yerusalemu, ariko ico gihe twari kumwe na Baranaba, kandi na Tito twarajanye.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ