Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kand’ ata bundi buriho; ariko harih’ abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bga Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 1:7
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


Abo bigisha b’ibinyoma babafitiye ishaka ryinshi, ariko intumbero yabo si nziza na mba. Ico bashaka ni ukubadukurako kugira ngo abe ari bo mukurikira.


Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.


Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo.


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.


Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.


Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.


Ariko hari ico ushimirwa: wanse ibikorwa vy’Abanikolayite, nkuko nanje ndavyanka.


Aca agikororera i kuzimu, acugaranirayo, kugira ngo ntikibandanye kizimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Ariko inyuma y’iyo myaka kizorekurwa akanya gatoya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ