Galatiya 1:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe4 Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)4 yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.