Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 1:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Mwarumvise ingene nari mbayeho nkiri mw’idini ry’Abayuda, ingene nahama ishengero ry’Imana nkobeje rwose kugira ngo ndarizimanganye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw idini y’Abayuda, ingene nahīga ishengero ry’Imana birengereje, nkaritikiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 1:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku bakuru b’abaherezi?”


Ashitse i Yerusalemu, agomba kwifatanya n’abandi bigishwa, ariko bose baramutinya, kuko batizera ko yahindutse umwigishwa vy’ukuri.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Koko ndi uwa nyuma mu ntumwa kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.


ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ