22 Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.
22 Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.
Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?
Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona ukundi. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.
Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.
Muramukanye mu kugumbirana kwera. Amashengero yose ya Kristo arabatasha.
Abera b’Imana ba hano na bo barabatasha.
Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo.
Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.
Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe n’Imana rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.
Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.