Ivyo babikoranye umunezero, ariko mu vy’ukuri bari babafitiye umwenda, kuko Abanyamahanga baronse umugisha wo mu buryo bw’impwemu uvuye ku Butumwa Bwiza bashikirijwe n’abizera b’i Yerusalemu. Ni co gituma na bo bahisemwo kubafashisha ku vy’ubutunzi bwabo.
Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.
Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.