Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 3:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bene Data, munyigāne, mwitegereze abagenda batwīgāna, nk’uko mudufisekw icitegererezo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 3:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.


Kuko mwebwe nyene murazi ingene mubwirizwa gukurikira akarorero twabahaye. Ntitwigeze tuba ibinebwe igihe twari kumwe namwe,


Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ