Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 2:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 2:22
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yavugwa neza n’abizera b’i Lusitira n’abo muri Ikoniyo.


Ukwihangana na kwo gutuma tugumana ubwizigirwa no mu bihe bigoye; ivyo na vyo bikadutera kugumana ivyizigiro.


Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.


Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.


Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.


Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.


Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere.


Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza.


kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we.


Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,


Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.


Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ