Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 1:20
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.


Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.


Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.


kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.


iryo Ivyanditswe Vyera bivugako ngo: “Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha. Ariko uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri nk’uko munezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe.


kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.


Imyitwarariko yiwe igabuwemwo kubiri. Umugore canke inkumi itarongowe yitwararika ibikorwa vy’Umwami. Yihebera Umwami mu mubiri no mu mpwemu. Ariko uwarongowe yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugabo wiwe.


Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.


Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.


Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu.


Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.


Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ