Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 9:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 9:5
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, hanyuma barasenga bongera bakorera ivyaremwe, babikorera ivyo bari bakwiye gukorera Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.


Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.


Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware.


Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,


Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ