Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 9:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 9:4
61 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umviriza uwundi mugani. Habaye umuntu yari afise itongo hanyuma aririmamwo imizabibu. Ararizitirira, yimba ahantu ho kuganira imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure.


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”


Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli.


Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we.


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


Hanyuma haca haza igitambara gikinze, inyuma yaco ni ho hari ihema ryitwa “Ahera h’Ahera”


Hejuru y’iyo sandugu hari abakerubi b’ubwiza, amababa yabo yari ashanje hejuru y’isandugu y’isezerano, ari co kibanza ivyaha vyaharirirwamwo. Ariko ibi ntidushobora kubivuga ido n’ido muri aka kanya.


Ivyo bintu vyose bimaze gutegurwa, abaherezi baraheza bakinjira igihe cose muri ca kibanza ca mbere c’ihema, bagaheza bagakora ivyo idini ryabo ryabasaba gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ