Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 8:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kugira ngw ivy’ ivyagezwe bibgiriza bishikanwe muri twebge, tutagenda mu buryo bg’akameremere kacu, ariko tugenda mu bg’ impwemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 8:4
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.


Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe vy’Imana, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa?


None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


Mbaye ndabinginga hakiri kare kugira ngo ninaza sinzorinde kubakarira nk’uko nzokarira abibaza ko dukurikira inyungu z’abantu.


Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa,


Mwegereye ikoraniro ry’imfura z’Imana, bandikishije amazina yabo mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ