Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 8:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 8:34
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.


Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Kuko icatumye Kristo apfa akazuka ni ukugira ngo abe umwami w’abazima n’abapfuye.


Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Kandi Imana isuzuma imitima, iramenya neza ico Mpwemu yiyumvira, kuko Mpwemu adusengera twebwe abejejwe nk’uko Imana igomba.


None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ