Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 8:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’ivyagezwe vya Mose.


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe, yambara ishusho y’umugurano, acika uwusa n’abantu.


Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Biciye kuri ico kimazi kimwe, yashikanye ku gutungana, rwose kandi ibihe vyose, abejejwe ivyaha vyabo.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ