Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 8:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 8:1
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe.


Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu.


Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Ibiva mu ngabire y’ubuntu bw’Imana biratandukanye cane n’ivyavuye mu caha c’umuntu umwe kuko inyuma y’icaha ca Adamu hakurikiye gutsindwa n’urubanza, ariko ingabire y’ubuntu bw’Imana yatumye twemerwa na yo naho dufise ivyaha vyinshi bitwagira.


Kandi ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe.


Iyo nkoze ivyo ntagomba, bisigura ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe kibinkoresha.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.


Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.


Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.


Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana, Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ