Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 7:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ariko, hariho ikindi cagezwe kigwanya ico umutima wanje wemera. Ico na co, kingira imbohe y’icagezwe c’icaha gikorera mu mubiri wanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 7:23
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.


Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi.


Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje ndipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.


Igihe twari tukiganjwe na kamere muntu kacu ka kera, ivyipfuzo vy’ivyaha vyishimikiza ivyagezwe bigakorera mu mibiri yacu, kandi ivyo twakora vyose vyadushikana ku rupfu.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.


Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Mbega ni iki gitera intambara n’imitongano muri mwebwe? Mbega ntibiva mu vyipfuzo vyanyu bibi bigwanira muri mwebwe?


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ