Abaroma 7:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe23 Ariko, hariho ikindi cagezwe kigwanya ico umutima wanje wemera. Ico na co, kingira imbohe y’icagezwe c’icaha gikorera mu mubiri wanje. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)23 ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.